Amakuru
13 janvier 2022

Hasigaye umubonano hagati y’abarongoye Uburundi n’Urwanda kugira imigenderanire yabo irame

Urugendo rw’intumwa za leta y’Uburundi mu Rwanda rwerekana ugushaka kwa politike kwo gusubira kunagura imigenderanire hagati y’ivyo bihugu yatosekaye kuva mu mwaka w’2015. Uwo mwihwezo ni uwa Guillaume Ndayikengurutse, Umwigisha muri za Kaminuza akaba n’Umuhinga muvy’imigenderanire hagati y’ibihugu. Abivuze inyuma y’aho umukuru w’Igihugu c’Urwanda Paul Kagame yakiriye intumwa mwa za leta y’Uburundi zirongowe na Ezéchiel Nibigira, umushikiranganji ajejwe Imigenderanire y’Uburundi n’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko. Guillaume Ndayikengurutse amenyesha ariko ko umubonano hagati y’abakuru b’ibihugu vy’Urwanda n’Uburundi ariwo uzogaragaza ko iyo imigenderanire yasubiye kuba myiza.