Amakuru
3 juin 2022

Amahoro n’intwaro rusangi ni vyo nkingi y’iterambere mu Burundi

Abarundi baremeza ko inzego zose zitegerezwa gutorwa n’abanyagihugu. Ku bwa Dr Guillaume Ndayikengurutse, umuhinga mu bijanye na politike, ngo ni intambwe ikomeye cane ku gihugu. Akaba yabishikirije kuri uyu wa gatatu itariki 1 Ruheshi, aho umugambwe Sahwanya-FRODEBU wari uramutse wigina imyaka 30 y’intsinzi yawo. Guillaume Ndayikengurutse akamenyesha kandi ko amahoro na demokarasi ari vyo nkingi z’iterambere.