Amakuru
29 juin 2021

Hariho abarundi babaye intwari mu gukingira ababanyi babo kandi ivyo bikaba vyakozwe mu bwoko bwose

N’aho hariho abarundi bafashe ibirwanisho baragandagura benewabo babaziza ubwoko mu ndyane zo mu myaka y’1972 n’1993, hariho n’abandi babaye intwari mu gukingira ababanyi babo kandi ivyo bikaba vyakozwe mu bwoko bwose. Prosper Bazombanza, icegera c’umukuru w’igihugu, agasaba umurwi w’igihugu ujejwe kuvugana ukuri no kunywanisha Abarundi (CVR) gutera iteka bene abo bantu b’intwari mu gushira ahabona amazina yabo mu ntara zose n’ama komine. Akaba yabishikirije mu mpera z’indwi iheze mu ntara ya Kirundo, aho yari yagiyeyo kuraba ibikorwa vy’uyo murwi.