Amakuru
17 mars 2022

Hari ukutavuga rumwe kw’abategetsi ku ngingo yafatiwe amapikipiki, amakinga n’amatukutuku

Ingendo n’imvugo vy’abategetsi birateye isoni, aho badahengeshanya gushinyaguriza abanyagihugu. Uko niko Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha, anegura ukuvuguruzanya hagati y’umukuru w’Igihugu n’umushikiranganji ajejwe umutekano. Kuko iminsi mike gusa inyuma y’aho Evariste Ndayishimiye ashikirije ko mu Burundi hubahirijwe uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro, mbere no kugira imyiyerekano, Gervais Ndirakobuca yagabishije uwo wese azohirahira akiyamiriza ingingo yafashe yo kubuza amapikipiki, amakinga na tukutuku kuja hagati mu gisagara ca Bujumbura n’imicungararo yaho, ko azokwibonerako. Frédéric Bamvuginyumvira akabona ko ukwo kuvuguruzanya bihuvya Abarundi.