Amakuru
25 mai 2023

Hari integuro y’itegeko rigenga uko amakomine atoza amakori iriko irategurwa

Integuro y’itegeko risubiramwo uko amafranga atozwa mu makomine isa n’iyaheze. Izoza iragabanya inyuruzwa ry’amakori ya leta. Bivugwa na Martin Niteretse, umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi. Yabishikirije mu nama yo kwemeza icegeranyo co kwemeza indinganizo nshasha y’imigambi ya leta y’iterambere. Iyo nama yabaye kuri uwu wa 22 Rusama irimwo abagize Inama nshingamateka na nkenguzamateka hamwe n’izindi ndongozi zo muri leta. Martin Niteretse yamenyesheje ko vuba iyo nteguro y’itegeko igiye gutangura kumenyekanishwa.