Amakuru
13 octobre 2023

Hari igikorwa catanguye co gushira abana bo mw’ibarabara mu kigo cabateguriwe mu Cankuzo

Ku munsi wa mbere itariki 9 Gitugutu haratanguye igikorwa co gukura abana mw’ibarabara mu gisagara ca Bujumbura. Ibi vyamenyeshejwe n’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu ku wa gatanu w’indwi iheze mu kiganiro c’abashikiranganji ba leta y’Uburundi. Martin Niteretse akaba yamenyesheje ko abo bana bateguriwe ikigo mu ntara ya Cankuzo. Akamenyesha kandi ko hategekanijwe abahinga mu vy’indero ngo bazoherekeze abo bana mu kwiyubaka no gukunda igihugu.