Amakuru
1 juillet 2024

Hari ibihugu birementanya kugira umurwi CNIDH utakaze ikibanza cawo c’ubwigenge (I. Sabushimike)

Uburundi buzira ko hari ibihugu biburementaniriza kubera agateka ka zina muntu vyakagize ikibazo ca politike. Ivyo binegurwa n’umushikiranganji w’Agateka ka zina muntu. Imelde Sabushimike akaba yabivuze kugira yizeze Abarundi ko Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu, CNIDH, utazotakaza ikibanza c’ubwigenge mu Nama ijejwe agateka ka zina muntu ya ONU. Yabivugiye mu kiganiro c’abashikiranganji bagize leta y’Uburundi ku munsi wa gatanu uheze.