Amakuru
19 août 2021

Hari amadosiye ku banyurujwe mu Burundi yatanzwe na CAVIB muri ONU

Ibivugwa na bamwe mu bategetsi b’Uburundi ku bijanye n’abantu baburwa irengero bifise intumbero yo guhakana ubwo bukozi bw’ikibi kuko bukorwa na bamwe mu nzego za Leta. Bakabihakana mu gihe bama baronswa ivyegeranyo bitangwa n’urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe ivyaha bihanwa na Sentare mpanavyaha mpuzamakungu CAVIB babicishije mu murwi wa ONU ujejwe gukurikirana ikibazo c’ivyaha vyo kunyuruza abantu bakaburwa irengero. Bishikirizwa na Yves Runyagu, ajejwe imigenderanire mu runani CAVIB.