Amakuru
13 avril 2024

Hari abari basavye ko uwitoza mu kibanza c’umukuru w’Igihugu yotanga imiliyoni 500 (M. Niteretse)

Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu avuga ko amafaranga asabwa uwushaka kwitoza mu kibanza c’umukuru w’Igihugu atari menshi. Ku bwa Martin Niteretse, imiliyoni 100 z’amafaranga ngo si amananiza. Avuga ko abantu bashigikiye umukandida boyegeranya bitagoranye. Yabivuze ku munsi wa gatatu aho yariko yishura ku bibazo vy’abashingamateka ku bijanye n’integuro nshasha y’itegeko rigenga amatora.