Journal
26 janvier 2024

Harageze ko umurwi CENI ushiraho itegeko rigenga amatora yo mu 2025 (ACOPA)

Umurwi ujejwe gutegura amatora wari ukwiye gushiraho itegeko rigenga amatora yo mu mwaka w’2025. Bisabwa na Isaac Bakanibona, arongoye ishirahamwe ryiyemeje guharanira amahoro ACOPA. Agasaba CENI kwibuka gusaba intererano abantu bose begwa n’ayo matora, ni ukuvuga imigambwe, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike hamwe n’abarongoye amashengero.