Amakuru
4 juin 2022

Haracariho agahaze mw’itangwa ry’impapuro z’inzira ku bazisaba

Haracibonekeza imirongo miremire y’abarondera impapuro z’inzira imbere y’ibiro bijejwe uruja n’uruza n’imbibe PAFE. Abasaba impapuro z’inzira bidogera ivyo biro ko bashobora kumara iminsi irenga ibiri batonze batarakirwa, bikaba bihushanye n’ivyo bari bemerewe n’ubuyobozi bwa PAFE. Ariko ubwo buyobozi bwo, buvuga ko ata kibazo na kimwe kiriho mu bijanye no gukora impapuro z’inzira gushika uno munsi. Umuyobozi mukuru wa PAFE Maurice Mbonimpa amenyesha ko ikibazo kimwe kihari kijanye n’ubwinshi bw’abasaba izo mpapuro z’inzira, mu gihe PAFE ivuga ko ubushobozi bafise ari ubwo kwakira ama dosiye 300 ku munsi. Aho ngo ni ukugira abasaba izo mpapuro na bo baheze bazironswe inyuma y’iminsi itatu, nk’uko bitegekanijwe.