Amakuru
26 août 2022

Harabura ugushaka kw’abategetsi kugira itegeko rigenga ugutorana mu Burundi ritorwe

Gushika uno munsi, nta tegeko rigenga ugutorana ririho mu Burundi. Bivugwa n’umushingwamanza Jeanne d’Arc Zaninyana, arongoye Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Ngo n’abakenyezi n’abigeme bishika bagatorana, ingingo zifatwa n’amasentare, abavyeyi canke abavukanyi babo. Uwo asanzwe ari mu baharanira agateka k’umukenyezi avuga ko icabuze ari ugushaka kw’abategetsi kugira bavyumvishe abanyagihugu.