Amakuru
13 mars 2024

Hakwiye ko abasirikare b’Uburundi biyunga kugira banke kujanwa muri Congo (G. Rukindikiza)

Abasirikare b’Uburundi barakwiye kwanka ingingo yafashwe na leta yo kubarungika kurwana mu gihugu ca Congo kwifatanya n’imirwi y’iterabwoba nk’iy’Interahamwe. Bivugwa na Gratien Rukindikiza, yahoze ari intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi akaba kandi akwirikiranira hafi ibibazo vy’umutekano mu karere k’ibiyaga binini. Akaba ababazwa no kubona abasirikare b’Abarundi bapfa gusumba abandi kubera ari bo bashirwa imbere mu gihe co kurwana kandi basanzwe batamenyereye n’akarere bagiye kurwaniramwo. Ivyo bikaba biri uko mu gihe abo barwana bo mu muhari M23, bahazi kuko ari iwabo. Asaba abasirikare kugira urunani kugira banke iyo ngingo.