Kuva mu mwaka uza mu ntara zose hazoba hari ibiro abantu bashobora kuronkeramwo impapuro za leta bipfuza biciye mu nzira yo mu buhinga ngurukanabumenyi Isoko. Ni inkuru itangwa n’umushikiranganji w’Akazi ka leta. Thaddée Ndikumana yagiriyeko amenyesha ko kugeza ubu ubwo buhinga bumaze gushikanwa mu ntara cumi z’igihugu. Isoko rikazofasha kugabanya abatonda ku biro barondera izo mpapuro bongere bagabanirizwe n’ingendo. Ivyo umushikiranganji Thaddée Ndikumana akaba yabishikirije inyuma y’uruganda rwari rwateguwe mu ntumbero yo gusigurira abaserukira abandi mu bushikiranganji butandukanye ibijanye n’uwo muhora Isoko.
Amakuru
25 décembre 2021