Amakuru
25 janvier 2023

Hagiye kwubakwa inzu rusangi z’amagorofa mu gisagara ca Ngozi

Amazu ariko arubakwa mu bibanza bitandukanye bidapimye mu gisagara ca Ngozi, ivyo bikorwa bisabwa guhagarikwa. Bisabwa n’umushikiranganji w’Inyubako mu mubonano yagiranye n’abaserukira abandi ku munsi wa mbere muri iyo ntara. Dieudonné Dukundane akaba yamenyesheje ko mu migambi ya leta, ivyo bibanza bizokwubakwamwo amagorofa abanyagihugu bazobamwo, umwe wese ku bushobozi bwiwe.