Amakuru
4 septembre 2023

Hagiye gushirwaho itegeko rigenga inyifato y’abakozi b’ibitaro vya leta mu kazi kabo

Abakozi bo mu mavuriro ya leta barashobora kuzohora bahanwa mu gihe batitayeho neza ababituye. Itegeko rijanye n’uwo mugambi rigiye gushirwaho. Ivyo biri mu vyemejwe n’Inama nshikiranganji yo mu ndwi iheze. Prosper Ntahorwamiye, umuvugizi wa leta, avuga ko ari ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu bwabisavye mu bikeneye guhindurwa muri ico gisata. Hakaba kandi hagiye gufatwa ingingo z’uko abaganga b’Abarundi badasubira guherera mu mahanga.