Amakuru
15 juillet 2023

Habuze imodoka zo kuzana igitoro kiri mu bubiko muri Tanzaniya

Igitoro kirahari gikwiye mu bubiko bwo muri Tanzaniya, ikibazo gihagaze ku kungene gishika mu Burundi. Ivyo vyemezwa na Rosine Guilène Gatoni, umuvugizi w’umukuru w’Igihugu. Hari mu kiganiro co kuri uyu wa kane caremeshejwe n’abavugizi b’inzego zitandukanye. Amenyesha ko leta iriko iriga ukuntu hobaho ububiko mu Burundi bushobora kuza burafasha mu kurindira ko ikindi gishikanwa.