Amakuru
25 octobre 2022

Habayeho ugushaka kwa politike, icegeranyo c’umurwi wa ONU co mu 1996 coshirwa mu ngiro

Ukunywanisha Abarundi ntigushoboka ngo amahoro asasagarare mu gihe hatabayeho umurwi wigenga ugira amatohoza ku vyaha vyakozwe mu Burundi kugira ababikoze bamenyekane bakubitwe intahe mu gahanga. Bivugwa na Muganga Alphonse Rugambarara, yahoze ari umushikiranganji wa leta y’Uburundi igihe iyo leta yasaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU gushiraho umurwi w’amatohoza ku vyaha vyakozwe guhera kw’igandagurwa rya Melchior Ndadaye hamwe n’ubwicanyi bwakwirikiye. Alphonse Rugambarara akababazwa n’uko uwo murwi wa ONU wakoze icegeranyo ariko nticigere gikoreshwa.