Amakuru
21 juin 2024

Haba kugirana ibiganiro na Tshisekedi canke kugwana na we, Paul Kagame aravyiteguriye vyose

Urwanda ruriteguriye kugwana bishitse hakaduka ingwano na Congo, hamwe Tshisekedi yoshira mu ngiro amajambo yiwe. Bivugwa na Paul Kagame. Umukuru w’Igihugu c’Urwanda yabishikirije mu kiganiro yagiranye na télévision France 24. Paul Kagame akaba anegura uguhengama kw’amakungu asa n’uko adashaka gukarira leta ya Congo. Ariko rero n’aho biri uko, prezida Kagame avuga ko yiteguriye kubonana na mugenzi we wo muri Congo, kandi ata gisabwe.