Amakuru
13 mars 2024

Gukura umurwi wa Dynamo mw’ihiganwa rya BAL kuracafuza ishusho y’igihugu (C. Mugwengezo)

Ingingo yafashwe na leta yo gukura umurwi wa Dynamo mw’ihiganwa rya Afrika ry’umupira w’amaboko basketball ry’imirwi yabaye iya mbere iwabo (BAL) irateye isoni. Bivugwa na Chauvineau Mugwengezo, arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga. Abivuze inyuma y’aho umurwi wa Dynamo usezererewe kuri uyu wa 12 Ntwarante kubera wankiwe n’abategetsi b’Uburundi kwambara umwambaro wanditseko Visit Rwanda. Chauvineau Mugwengezo abona ko iyo ngendo ata co ifasha igihugu ahubwo ko igicafuza.