Amakuru
9 juillet 2022

Gukoresha inguvu mu gukura abantu basega mu mabarabara si wo muti

Ugukoresha inguvu mu gukura abantu basega mu mabarabara ntikuzotuma iyo ngeso ihebwa. Bivugwa n’Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Babivuze inyuma y’aho kuri uyu wa kane, igipolisi gihagarikiye abantu bose bariko barasega mu mabarabara yo mu gisagara ca Bujumbura. Umushingwamanza Jeanne d’Arc Zaninyana, arongoye uwo muhari, avuga ko leta yari ikwiye nyabuna kurondera gukuraho icatumye baja mw’ibarabara. Ico na co akaba ari ubukene bwugarije Abarundi.