Journal
13 janvier 2022

Gukorera mu nzego za EAC bitanga uburusho bwinshi. Abarundi bahimirizwa gukorerayo

Abarundi bafise ibibanza bike cane mu bisata bitandukanye vy’umuryango wa Afrika y’ubuseruko. Kubw’umushikiranganji w’Imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, ngo ni kuko abenshi batinya ururimi, hamwe n’uko Uburundi bwinjiye muri uwo muryango butevye. Albert Shingiro yabivuze ariko arishura ku bibazo vy’abashingamateka kuri uyu wa kabiri mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe. Albert Nshingiro agasaba Abarundi kwitabira ubuzi muri uyu muryango, kuko hari uturusho twinshi tuzotuma igihugu gitera imbere.