Amakuru
21 août 2021

Gukorera ineza abandi nivyo vyotuma indyane zihanze isi zihera, abantu bakareka gupfa ubusa

Mu gihe amakungu yaraye ahimbaje kw’itariki 19 Myandagaro umunsi mpuzamakungu wahariwe imfashanyo ku batishoboye, Marguerite Barankitse, arongoye ikigo Maison Shalom, arasaba umuntu wese kumenya ko ahamagariwe gukorera ineza abandi. Ivyo ngo vyotuma indyane zihanze isi zihera kuko abantu birirwa barapfa ubusa.