Amakuru
11 octobre 2023

Gukomeza ubuntu mu bantu, ni yo ntumbero y’ishure ry’akarorero Anna Mweranda (Maison Shalom)

Ishure ry’akarorero ryitiriwe Anna Mweranda ryashinzwe mu gisagara ca Kigali na Maison Shalom. Ni mu ntumbero yo gukomeza ubuntu mu bantu mu karere k’Ibiyaga binini. Iryo Shure rizoba rikoresha urutonde rw’ivyigwa rw’I Génève mu Buswise bita IB, nk’uko bisigurwa na Marguerite Barankitse yatanguje ikigo Maison Shalom. Amenyesha ko iryo shure ari nk’imbuto ariko arabiba kugira arwanye amabi aguma yisubiriza muri kano karere.