Amakuru
14 février 2024

Guhonyanga agateka ka zina muntu kuracibonekeza mu Burundi (P. Ndayisaba)

Leta ya Australie irasabwa gukwirikiranira hafi ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu kabera mu Burundi. Biri mw’ikete Abarundi baba mu gihugu ca Australie bandikiye umushikiranganji w’Imigenderanire w’ico gihugu. Pacifique Ndayisaba, aserukira abo Barundi, asaba n’abandi Barundi baba hirya no hino kw’isi gutera akamo ibihugu babamwo ngo vyubahirize demokarasi kugira bagumize ijisho ku Burundi, gutyo busubire kuba igihugu kigendera ku mategeko.