Amakuru
8 avril 2024

Abatutsi mu Burundi bashobora gukorerwa ihonyabwoko nk’uko vyabaye mu Rwanda (P. Ndayisaba)

Abarundi barakwiye gukura icigwa kw’ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi mu Rwanda kugira ntirize rikorwe mu Burundi. Bivugwa na Pacifique Ndayisaba, Umurundi aba mu gihugu ca Australie. Hari kuri uyu wa 7 Ndamukiza, inyuma yo kwifatanya n’Abanyarwanda baba muri ico gihugu mu kwibuka imyaka 30 iheze ihonyabwoko rikorewe Abatutsi bo mu Rwanda. Pacifique Ndayisaba avuga ko uravye imvugo y’urwanko rw’Abatutsi yakoreshejwe n’abategetsi imbere y’ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi mu Rwanda isa n’iyikoreshwa n’abategetsi b’Uburundi uno munsi.