Amakuru
11 décembre 2021

Guhamba abanyororo hatagishijwe inama imiryango yabo ni ubwicanyi leta yokwishurako

Ibiziga vyahitanywe n’umuriro wibonekeje mw’ibohero rikuru rya Gitega kuri uyu wa kabiri uheze ngo bishobora kuba vyarashinguwe na leta y’Uburundi ababo batabimenyeshejwe. Umushingwamanza Immaculée Hunja, arongoye umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi (MFFPS), avuga ko nimba vy’ukuri abitavye Imana barashinguwe ababo batabizi ryoba ari ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu. Agasaba leta y’Uburundi kuva mu gacerere ikavuga ukuri, imiryango yabo imenye ukuri.