Amakuru
21 avril 2023

Guha amafaranga abana bo mw’ibarabara bigiye gufatwa nk’icaha gihanwa n’amategeko

Birabujijwe gusubira guha amafaranga abana bo mw’ibarabara. Uwuzofatwa ariko arabikora azohanwa. Iyo ni inkeburo y’umushikiranganji w’Umutekano. Martin Niteretse yabivugiye mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru ku munsi wa kane. Akaba yanatangaje ko n’abavyeyi bashira abana babo mw’ibarabara bazoronderwa bagakurikiranwa. Akagirako aburira abana bo mw’ibarabara bafata abantu ku nguvu ko bazobihanirwa.