Amakuru
29 mars 2023

Gabriel Rufyiri yahowe ko yadomye urutoke ku manyanga y’umufasha w’umukuru w’Igihugu

Rufyiri yakoze ahababaza vyatumye umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye amutako agashavu kadasanzwe. Bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, yahoze ari Icegera c’umukuru w’Igihugu. Uyo ubu atavuga rumwe na leta, arongoye urunani CFOR-Arusha, avuga ko iryo shavu ryakomotse ko Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME, yubahutse kudoma urutoke ku vyo umufasha w’umukuru w’Igihugu akora biteye amakenga, n’ivyo Evariste Ndayishimiye we nyene akora atarekuriwe n’Ibwirizwa nshingiro. Bikaba vyatumye rero ivyasa n’ukwumvikana hagati yabo bihagarara, kugeza aho umukuru w’Igihugu ashaka kumutetereza.