Amakuru
14 décembre 2022

FORSC irashima ingingo ya Amerika yo kugumiza ibihano kuri Alain Guillaume Bunyoni

Uwahoze ari umushikiranganji wa Mbere w’Uburundi Alain Guillaume Bunyoni yasubijwe ku ncuro igira kabiri ku rutonde rw’abantu bafatiwe ibihano na leta zunze ubumwe za Amerika, kubera uruhara afise mu mabi yakozwe mu Burundi, kuva mu mwaka w’2015. Ingingo ishimisha Urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike mu Burundi, FORSC. Ku bw’umushingwamanza Vital Nshimirimana, arongoye FORSC, ngo iyo ngingo yerekana ko amakungu agihanze ijisho ibikorerwa mu gihugu. Aributsa kandi ko iyo ngingo yerekana ko umuntu wese afise ico yagirwa, bitebe bitebuke azobibazwa.