Amakuru
7 juin 2024

« Forbidden stories » icafuza izina ry’Urwanda kubera inyungu zinyegeje (abashakashatsi)

Inyuma y’aho abamenyeshamakuru 50 b’i Buraya batanguriye isekeza ryo gutyoza Urwanda mu kwerekana ko ubutegetsi bw’ico gihugu butihanganira na gato abamenyeshamakuru bigenga n’abatavuga rumwe na leta, abashakashatsi n’abahinga muri kahise 30 baragiye hamwe berekana ingene abo bamenyeshamakuru bakoze batubahirije amategeko agenga ubushakashatsi. Uwo murwi ntuhakana ko akazi k’abo bamenyeshamakuru gahambaye, ariko rero bakavuga ko ivyo bitari kuba intandaro yo kwiyobagiza ubwigenge bw’ubushakashatsi, uruhara rw’ababazwa kuri kahise k’Urwanda, hamwe n’ibihe ico gikorwa c’abo bamenyeshamakuru cakoreweko.