Amakuru
5 septembre 2024

FNASEEB iranegura amanota yafatiweko ku banyeshure bagiye mu mashure yisumbuye

Urunani rw’amasendika yo mu gisata c’indero n’inyigisho mu Burundi ruranegura amanota yaraye afatiweko n’ubushikiranganji bw’Indero kugira abanyeshure baje mu mashure yisumbuye. Antoine Manuma, arongoye urunani FNASEEB, abona ko abo banyeshure bazogira ibibazo vyinshi mu mashure akurikira, ivyo kandi bikazosaba abarimu babigisha gukoresha inguvu nyinshi kugira bashobore kuja ku rugero rw’abandi. Ku bwiwe, iyo ngingo ije kunigira mu menshi ibijanye no guharanira ubumenyi bwiza.