Amakuru
15 septembre 2023

Ikibazo c’akazi k’abigisha gitegerezwa gusubirwamwo kubera ubusuma bwibonekejemwo

Ikibazo cahawe abigisha bashasha bipfuza akazi caranzwe n’ubusuma. Bivugwa na Antoine Manuma, arongoye ihuriro ry’amasendika y’abigisha, FNASEEB. Antoine Manuma agasaba leta ko ico kibazo cosubirwamwo kugira akazi gahabwe ababibereye kareke gutangwa habaye ka mwana wa mama.