Amakuru
19 octobre 2022

Floriane Irangabiye ari mu mubabaro ntangere bivuye ku gupfungwa azira ubusa

Umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye arababaye haba ku mubiri no ku mutima, eka mbere no mu mutwe kubera ibihe bikomeye ariko aracamwo. Bivugwa n’uwaciye muri ubwo buzima, umumenyeshamakuru Bob Rugurika, umuyobozi wa Radio Publique Africaine. Bob Rugurika asaba abariko barakoreshwa muri iyo dosiye kumenya ko bariko barahohotera ubuzima bw’inzirakarengane kandi bizobagirira ingaruka mbi.