Amakuru
4 avril 2023

Floriane Irangabiye apfunzwe ata vyagiriji bifadika ubutungane bufise

Urubanza rw’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye rwaranzwe n’amahinyu menshi harimwo n’ukubura ivyagiriji bifashe vyomutuma aguma apfunzwe. Uwo ni umwihwezo wa Innocent Muhozi, umuyobozi wa télévision Renaissance. Aho ni inyuma y’aho arengukijwe ku munsi wa kane igenekerezo rya 30 Ntwarante imbere ya sentare isubiramwo imanza ya Mukaza, yashashe mw’ibohero rya Muyinga. Ku bwa Innocent Muhozi, ipfungwa ry’uwo mumenyeshamakuru rinyuranye n’amategeko ari co gituma yategerezwa kwezwa agasubira mu muryango wiwe.