Ugusubiza abana bo mw’ibarabara n’abasegerereza mu miryango yabo hatitaweho ivyatumye baja muri ayo mabarabara ni agahaze mu mugambi wo kubakura muri ayo mabarabara. Bishikirizwa n’umuvugizi w’urunani FENADEB ruhurikiyemwo amashirahamwe aharanira agateka k’abana. Ferdinand Simbaruhije akaba yabishikirije inyuma y’aho abanyagisagara ca Bujumbura bavugiye ko abana basubiye kuba benshi mu mabarabara ndetse bakanatuma n’ubugizi bwa nabi bugwirirana.
Amakuru
10 janvier 2023