Amakuru
29 septembre 2023

Evariste Ndayishimiye ategerezwa guhana ishirahamwe Bimenye Burundi, ni ibisabwa na AC-Génocide

Amezi atatu, ni co kiringo cahawe Evariste Ndayishimiye n’ishirahamwe Bimenye Burundi Communication Center kugira asohore itegeko ryemeza ko ubwicanyi bwakorewe Abahutu mu 1972 ari ihonyabwoko. Ngo umukuru w’Igihugu atabikoze uko, azoba abaye igihemu ku Bahutu. Ivyo biri mu butumwa iryo shirahamwe ryashize ku mbuga ngurukanabumenyi mu ntango z’ino ndwi. Ariko ku bwa AC-Génocide Cirimoso, ishami ryo muri Canada, umukuru w’Igihugu ategerezwa kwerekana ko ari we ari ku ntebe yo kurongora Uburundi mu guhana abiha ububasha bwo kumuha amategeko, maze agahana iryo ishirahamwe Bimenye Burundi. Emmanuel Nkurunziza, umunyamabanga wa AC-Génocide Canada, akabona kandi ko ivyo bikorwa amatora yegereye mu ntumbero yo kwereka ko ubutegetsi bukunda ubwoko bw’Abahutu, mu gukumira abandi, na cane cane Abatutsi. Akanibutsa ko ivyo umurwi CVR uriko urakora, atari ku nyungu z’Abarundi n’igihugu, kubera uhengamye ku ruhande rumwe rw’Abahutu.