Amakuru
27 décembre 2022

EAC yahaye amanota 58% igisata c’ubuvuzi co muri Kaminuza y’Uburundi

Kaminuza y’Uburundi mu gisata c’ubuvuzi ifise amanota 58%. Ikaba imwe muri kaminuza zitatu zigisha ivy’ubuvuzi zagendewe n’ishirahamwe ry’umuryango wa Africa y’ubuseruko. Biri mu rwandiko rwashikirijwe n’umushikiranganji w’Indero mu nama nshikiranganji yabaye ku munsi wa gatatu mu ndwi iheze. Umunyamabanga mukuru akaba n’umuvugizi wa leta y’Uburundi, Prosper Ntahorwamiye, akaba yamenyesheje ko bimwe mu vyisungwa harimwo inyubako, ibikoresho n’itunganywa y’ivyigwa.