Amakuru
22 octobre 2021

Dukwiye kwirinda gusubira mu ndyane zo mu 1993, aho biboneka ko urukundo rwari rwatitutse

Ibara ryaguye igenekerezo rya 21 Gitugutu 1993 ni kubera urubeya rw’urukundo rwari rwazimye mu Burundi. Musenyeri Anatole Rugerinyange, icegera c’umwungere wa diyoseze nkuru ya Bujumbura, yabivugiye mu nkuka y’imisa yo kwibuka imyaka 28 iheze Melchior Ndadaye incungu ya Demokarasi agandaguwe. Musenyeri agasaba Abarundi gukora ibishoboka vyose kugira urwo rubeya rw’urukundo ntiruzosubire kuzima.