Amakuru
14 octobre 2023

Ubutwari bwa Rwagasore bwari bukwiye kuranga abategetsi kugira igihugu gikire (Mgr Rugerinyange)

Abarundi bakwiye kumenya ko igihe cose hari Umurundi agandaguwe ari uruhombo ku Barundi bose. Abarundi bose rero bategerezwa kwitanga kugira ikibi cose kiranduranwe n’imizi kugira igihugu kigume mu bushake bw’Imana. Ivyo ni bimwe mu vyavugiwe mu nsiguro ya Musenyeri Anatole Rugerinyange, mu nkuka ya misa yo kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 13 Gitugutu, hibukwa imyaka 62 iheze hagandaguwe umuhisi umuganwa Ludoviko Rwagasore. Musenyeri Rugerinyange akaba ahamagarira indongozi zose gushira imbere ukunywanisha Abarundi nk’uko Rwagasore yabitanzeko akarorero keza akongera akanabizira.