Amakuru
17 novembre 2023

Demokarasi nta kibanza ifise mu nzego z’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko (Gélase Daniel Ndabirabe)

Amategeko agenga ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko nta kibanza aha demokarasi. Ivyo vyatumye ibikorwa vy’Inama nshingamateka ya EALA bihagarara. Bivugwa na Gélase Daniel Ndabirabe, umukuru w’Inama nshingamateka y’Uburundi. Hari kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 14 Munyonyo aho yari aramutse yitavye inama yo gutorera inyishu ico kibazo co muri EAC iriko ibera i Juba muri Sudani y’Epfo. Gélase Daniel Ndabirabe amenyesha ko ico kibazo kidatorewe inyishu ibikorwa vya EAC bishobora guhagarara.