Amakuru
31 mai 2023

CVR irabesha, Paul Mirerekano ntiyagandaguwe imbere y’iyicwa ry’Abatutsi b’i Busangana

Ibivugwa n’umurwi CVR ko Abatutsi bishwe i Busangana mu 1965 kubera agashavu k’Abahutu kavuye kw’iyicwa rya Mirerekano ni ibinyoma, kuko abo Batutsi bishwe Paul Mirerekano akiriho. Alphonse Rugambarara ni we abeshuza uwo murwi wo kuvugana ukuri no kurekuriranira. Uwo asanzwe ari umushakashatsi kuri kahise k’Uburundi abona ko ingendo y’uwo murwi CVR idashobora kunywanisha Abarundi.