Amakuru
4 mai 2023

CVR ikwiye guhindura ukuntu ivuga ivyabaye mu mwaka w’1972, atari uko ntibizokwemerwa n’Abarundi

Abarundi ntibazokwemera ibizova mu murwi ujejwe kuvugana ukuri no kurekuriranira kuko utumviriza bose mu kwemeza ivyo uvuga. Bivugwa n’umwigisha muri kaminuza Simon Kururu. Hari mu kiganiro categuwe n’uwo murwi ku wa 26 Ndamukiza. Simon Kururu asaba CVR kwemera ko ubwicanyi bwabaye bugahitana Abahutu n’Abatutsi mu Burundi mu mwaka w’1972.