Amakuru
13 octobre 2023

CNIDH irashimishwa n’itorwa ry’Uburundi mu murwi ujejwe agateka ka zina muntu wa ONU

Uburundi bwaratowe ku munsi wa kabiri mu bihugu 15 bishasha bigiye kuja mu murwi ujejwe agateka ka zina muntu w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu kiringo c’2024-2026. Itorwa ryashimishije umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi, CNIDH. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu, Anaclet Nzohabonayo, icegera c’uwurongoye uwo murwi, asigura ko iryo torwa ryavuye ku rugamba rw’umukuru w’Igihugu mu gutsimbataza ubutungane mu gihugu.