Amakuru
30 décembre 2021

CNDD-FDD ntiyigeze yerekwa amasezerano ya Arusha kuva ikija ku butegetsi

Umurwi wo kuvugana ukuri no kurekuriranira wagiyeho uteba kubera ubutegetsi bwa CNDD-FDD bwari kuwushiraho butigeze bwemera Amasezerano ya Arusha. Bivugwa na muganga Yohani Minani, ari mu bashize igikumu ku masezerano ya Arusha. Avuga ko leta mfatakibanza yari yasize ishizeho amatageko yose akenewe kugira uwo murwi ujeho.