Amakuru
9 février 2024

CIVICUS na SOS-Torture Burundi batanguje isekeza ryo gusaba irekurwa rya Floriane Irangabiye

Umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye yabwirizwa kurekurwa vuba bwango ata kirinze gusabwa kuko apfunzwe ata kimwagira kiboneka. Ivyo bivugwa n’urunani CIVICUS rufise icicaro mu gihugu ca Afrika y’epfo, rukaba ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, kandi rukaba ruhanira agateka k’abamenyeshamakuru, abatavuga rumwe na leta n’abandi baharanira agateka ka zina muntu bapfunzwe ata co bazira mu mihingo yose y’isi. Urwo runani CIVICUS rufatikanije n’ishirahamwe SOS-Torture Burundi baraye batanguje isekeza ryo gusaba ko umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye yorekurwa. Denis Ndayishemeze, ajejwe kumenyesha amakuru muri SOS-Torture Burundi akaba yizeye ko akamo k’ayo mashirahamwe kazokwumvirwa.