Amakuru
6 mai 2023

Christophe Manirambona, batazira Wakenya, nta kibanza afise mu nama ku gateka ka zina muntu

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, IDHB, riradoma urutoke ku mutegetsi mu gipolisi c’Uburundi Christophe Manirambona, batazira Wakenya, yaserukiye Uburundi mu nama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu iriko ibera i Genève muri Suisse. Akaba akekwa kuba ari mu bakoze ubwicanyi n’ayandi mabi mu 2015. Ku bwa Carina Tertsakian, umushakashatsi mw’ishirahamwe IDBH, ngo kubona Christophe Manirambona batazira Wakenya, icegera c’umugenduzi mukuru mu gipolisi, aseruka mu nama nk’iyo, ni agasuzuguro ka leta y’Uburundi ku bari muri iyo nama mu kugerageza kwerekana ko agateka ka zina muntu mu Burundi kifashe neza.