Amakuru
5 juin 2021

Céleus Mpasha yaguma yitegurira gutera Uburundi

Mu mwaka w’1972, ngo nta murwi witwaje ibirwanisho wari urongowe n’uwitwa Céleus Mpasha wateye mu bumanuko bw’igihugu. Vyemezwa n’uwahora arongoye uburundi Sylvestre Ntibantunganya, mu biganiro amaze iminsi aremesha abisabwe n’inama nkenguzamateka, mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro kugira ukuri kumenyekane ku bwicanyi bwabaye mu mwaka w’1972.  Ariko muri ivyo biganiro, umwe mu babonye Céleus Mpasha aho yari ari mu gihugu ca Tanzaniya ico gihe mu mwaka w’1972, yari yitavye ivyo biganiro, akemeza ko Céleus Mpasha yaguma yitegurira gutera Uburundi. Uwitwa NDANGA akaba yabishikirije muri ico kiganiro aho yasabwe na Ntibantuganya kuvuga ico azi kuri Mpasha.