Amakuru
29 juin 2022

CBDH/VICAR irashima akamo HCR yateye Tanzaniya gasaba kwubahiriza agateka k’impunzi

Ishami rya ONU ryitaho impunzi HCR mu gihugu ca Tanzaniya rikorera mu karere ka Kasuru rirasaba abategetsi ba Tanzaniya kwubahiriza agateka k’impunzi. Uwuserukira iryo shirahamwe avuga ko iyo umuntu adafise umutekano mu gihugu ciwe, afise uburenganzira bwo gusaba ubuhungiro kandi agacungererwa umutekano. Mu runani rw’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi y’impunzi (CBDH/VICAR) barashima iyo ntambwe yatewe n’ishirahamwe HCR mu kwemeza ko Tanzaniya itubahiriza uburenganzira bw’impunzi. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye CBDH/VICAR, agasaba Tanzaniya kwubahiriza amasezerano yashizeko umukono mu bijanye no kwakira impunzi hamwe no kuzifata neza.