Amakuru
31 août 2021

CAVIB irizeye ko amatohoza ya CPI ageze kure

Imiryango ifise ababo banyurujwe ngo ntiyokwihebura kuko izoteba igatunganirizwa n’ubutungane mpuzamakungu. Bishikirizwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima, arongoye urunani rw’abashingwamanza baburanira
abakorewe amabi y’agahomerabunwa mu Burundi CAVIB. CAVIB iboneraho gusaba Sentare mpuzamakungu CPI kwihutisha amatohoza kugira ikubite mu gahanga abakora ayo mabi. Gustave Niyonzima abishikirije kuri iyi tariki ya 30 Myandagaro, aho hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya inyuruzwa ry’abantu.